Uko wahagera

Icateye Impanuka ya Ethiopian Airlines Ntikiramenyekana


Ababuze ababo mu mpanuko ya Ehtiopian Airlines baririra ababo ku kibuga c'indege mpuzamakungu i Addis Abeba, Etiyopiya. Italiki 10/03/2019
Ababuze ababo mu mpanuko ya Ehtiopian Airlines baririra ababo ku kibuga c'indege mpuzamakungu i Addis Abeba, Etiyopiya. Italiki 10/03/2019

Umuyobozi w’isosiyete Ethiopian Airlines ashikiriza ko atazi icateye isanganya ry’indege yakorotse ku musi w’Imana imaze umwanya muto igurutse iva i Addis Abeba, ihitana ingenzi 157 zose zari muri yo.

Tewolde GebreMariam yabibwiye abamenyeshamakuru igihe yari yagiye kuraba aho iyo ndege yakorokeye.

Iyo ndege yari mu nzira ija i Nairobi. Abanyagihugu bava mu bihugu bishika 35 bari muri iyi ndege yo mu bwoko bwa Boeing 737-MAX 8, yarimwo n’abakozi 19 b’ishirahamwe mpuzamakungu ONU.

Umuvugizi w’umunyamabanga mukuru wa ONU yavuze ko Antonio Guterres ahojeje imiryango yabuze ababo kandi yifatanije nabo, harimwo n’abakozi ba ONU. Guterres yahojeje reta hamwe n’abanyagihugu ba Etiyopiya.

Abanyamerika 8 bari mu bahasize ubuzima.

Ubushikiranganji bw’imigenderanire n’amakungu bwa Reta zunze ubumwe za Amerika nabwo bwahojeje abashikiwe n’ivyo vyago, ni mw’itangazo bwasohoye ejo kuw’Imana.

Iyo ndege ya Ethiopian Airlines yakorotse ikirere kimeze neza hafi y’igisagara Bishoftu imaze umwanya muto ihagurutse.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG