Uko wahagera

Abarwanyi ba ISIS Muri Siriya Boba Biteguye kwishikana?


Abarwanyi ba SDF muri Siriya bashigikiwe na Amerika bakikuje agace ka nyuma kagisigayemwo ISIS muri Baghouz, itariki 18/02/2019.
Abarwanyi ba SDF muri Siriya bashigikiwe na Amerika bakikuje agace ka nyuma kagisigayemwo ISIS muri Baghouz, itariki 18/02/2019.

Urunani rw’abasirikare barongowe na Reta zunze ubumwe za Amerika rusaba abarwanyi b’umuhari w’iterabwoba wa reta ya kiyisilamu bagisigaye muri Siriya kwishikana, atar’uko bahitemwo gupfa.

Ibiduga vy’intambara vyabo ejo kuwa kabiri vyari mu micungararo yo mu mihana ya Baghouz gutora abarwanyi b’uwo muhari bemeye kwishikana, hamwe n’imiryango yabo.

Abasirikare ba Reta zunze ubumwe za Amerika hamwe n’abarwanyi b’aba kurde bafashanya bavuze ko bazogaba ibitero inyuma yo kwimura abanyagihugu batitwaje ibirwanisho.

Ariko abategetsi baharanira agateka ka zina muntu ba ONU bavuze ko bafise ubwoba bw’imiryango iharurwa mu majana abiri yugarijwe i Baghouz. Bavuga ko abarwanyi b’umuhari wa reta ya kiyisilamu bariko barabuza abakenyezi n’abana kugenda.





Facebook Forum

XS
SM
MD
LG