Uko wahagera

Amakungu Yiciyemwo Ibice Ku Kibazo ca Venezuela


Umushikiranganji wa Venezuela ajejwe imigenderanire n'amakungu, Jorge Arreaza, mu kiganiro n'abamenyeshamakuru ku cicaro ca ONU, New York, 14/02/2019
Umushikiranganji wa Venezuela ajejwe imigenderanire n'amakungu, Jorge Arreaza, mu kiganiro n'abamenyeshamakuru ku cicaro ca ONU, New York, 14/02/2019

Umushikiranganji wa Venezuela ajejwe imigenderanire n’amakungu, Jorge Arreaza yatangaje ejo kuwa kane ko ariko arakora urunani rw’abadiplomate babona ko Reta zunze ubumwe za Amerika hamwe n’ibindi bihugu biriko birarenga ku masezerano y’ishirahamwe mpuzamakungu ONU abuza kwivanga muvy’ikindi gihugu.

Arreaza yar’akikijwe n’abadiplomate bava mu bindi bihugu 16 birimwo Uburusiya, Ubushinwa, Koreya ya Ruguru na Cuba igihe yaganira n’abamenyeshamakuru ku cicaro ca ONU.

Ibi bihugu birabandanya gushigikira reta ya Nicolas Maduro muri Venezuela mu gihe ibindi bishika kuri 50 birongowe na Reta zunze ubumwe za Amerika vyemeza umukuru w’inama nshingamateka Juan Guiado ko ari we mukuru w’igihugu.

Uwo mushikiranganji yavuze ko uwo murwi w’abadiplomate ugiye gutangura mu misi mike gukangurira ibindi bihugu kugira bibone ibihe bibi Abanyavenezuela barimwo.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG