Uko wahagera

Zimbabwe Yugarijwe n'Icuraburindi n'Ubukene


rs did not appear intimidated by its presence.
rs did not appear intimidated by its presence.

Inteko zijejwe umutekano z’igihugu ca Zimbabwe zahagaritse uno musi ku wa gatatu umunyapolitike akaba ari n’umushikirizabutumwa, Evan Mawarire imuhira iwe ku murwa mukuru, Harare. Ivyo bibaye mu gihe imyiyerekano mu gihugu cose y’ukwiyamiriza reta igeze ku musi ugira gatatu ari nawo wa nyuma.

Beatrice Mtetwa, umushingwamanza wa Mawarire, yabwiye abamenyeshamakuru ko igipolisi kivuga ko yakokeje uruhagarara akoresheje imbuga ngurukanabumenyi, harimo urwa Twitter.

Imirimo y’ubudandaji, amabanki n’amashule birugaye kuva ku musi wa mbere. Ivyo kubera imyiyerekano y’imisi itatu y’ukwiyamiriza iduzwa ry’ibiciro vy’ibitoro ibayemwo ubwicanyi. Yatumweko n’ishirahamwe ry’abakozi mu gihugu ca Zimbabwe, “Zimbabwe Congress of Trade Unions”.

Abantu ku murwa mukuru, Harare, ntibashobora gukoresha imbuga ngurukanabumenyi kuva ku musi wa kabiri. Abantu batari bake barishwe ku musi wa mbere kuri uwo murwa no mu gisagara ca Bulawayo kigira kabiri mu bunini igihe igipolisi carasa gikoresheje insoro z’ukuri ku bari mu myiyerekano. Abategetsi ntibarashikiriza igitigiri c’abapfuye. Hakurikijwe ibivugwa na polisi, abantu 200 barahagaritswe.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG