Uko wahagera

RDC: Sentare Yatanguye Kwihweza Ibirego vya Martin Fayulu


Martin Fayulu aherekejwe n'umukenyezi wiwe hamwe n'abashingwamanza, batwaye ibirego muri sentare yubahiriza ibwirizwa shingiro, inyuma y'aho CENI itangaje ko yatsinzwe amatora y'umukuru w'igihugu. Kinshasa, italiki 12/01/2019.
Martin Fayulu aherekejwe n'umukenyezi wiwe hamwe n'abashingwamanza, batwaye ibirego muri sentare yubahiriza ibwirizwa shingiro, inyuma y'aho CENI itangaje ko yatsinzwe amatora y'umukuru w'igihugu. Kinshasa, italiki 12/01/2019.

Sentare ijejwe kwubahiriza ibwirizwa shingiro ya Repuiblika iharanira demokarasi ya Kongo yatanguye kwumviriza ikirego umukandida atavuga rumwe na Reta Martin Fayulu yashikirije iyo sentare ku bijanye n’ivyavuye mu matora y’umukuru w’igihugu aheruka kuba muri Kongo.

Fayulu na Felix Tshisekedi yatangajwe ko ariwe yatsinze amatora baserukiwe n’abashingwamanza babo muri sentare ijejwe kwubahiriza ibwirizwa shingiro uno musi ku wa kabiri.

Abaserukiye komisiyo y’igihugu ijejwe amatora nabo nyene baje muri sentare. Sentare ijejwe kwubahiriza ibwirizwa shingiro itegerezwa gufata ingingo ku kirego ca Fayulu ku musi wa gatandatu.

Fayulu yashingishije urubanza muri iyo sentare asaba ko amajwi mu matora y’umukuru w’igihugu yabaye kw’italiki 30 z’ukwezi kw’icumi na kabiri mu mwaka waraye urangiye asubira guharurwa.

Atangaza ko yatsinze amatora n’ibice 61 kw’ijana vy’amajwi.

Fayulu avuga ko ivyavuye mu matora vyahinduwe kugira Felix Tshisekedi abe ariwe atangazwa ko yatsinze amatora.

Komisiyo y’igihugu ijejwe amatora yatangaje ko Felix Tshisekedi yatsinze n’ibice 38 kw’ijana vy’amajwi, mu gihe Fayulu yaronse ibice 34 kw’ijana vy’amajwi.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG