Uko wahagera

Icuka Kibi Hagati ya Canada n'Ubushinwa Kiriyongera


Amabendera y'Ubushinwa na Canada
Amabendera y'Ubushinwa na Canada

Sentare mu Bushinwa yaraciriye urubanza rwo gupfa umugabo w’umunye Canada yagirizwa urudandazwa rw’ibiyayuramutwe, ivyatumye umushikiranganji wa mbere wa Canada Justin Trudeau yagiriza Ubushinwa gukoresha igihano co gupfa kumvo zitumvikana.

Sentare yo mu gisagara ca Dailian, mu buraruko bushira ubuseruko bw'Ubushinwa yasubiyemwo urubanza yari yaciriye Robert Lloyd Schellenberg, rwo kumufunga imyaka 15 ku vyaha vyo kudandaza ibiyayuramutwe. Sentare yemeje ku munsi wa mbere ko igihano ca mbere cari coroshe, ica imucira urwo gupfa.

Umushikiranganji wa mbere wa Canada Trudeau yashikirije ejo kuwa mbere i Ottawa ko iyo ngingo iteye amakenga reta yiwe, hamwe n’ibihugu bicuditse.

Iyo ngingo ya sentare ije kwunyura icuka kibi cari kihasanzwe hagati y’ivyo bihugu bibiri inyuma y’ihagarikwa ry’umushinwa muri Canada, mu nyuma Ubushinwa buca bwihora mu gufunga abanye Canada babiri bubagiriza guhungabanya umutekano mu gihugu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG