Uko wahagera

SADC Risaba Reta y'Ubumwe muri Kongo


Abakuru b'ibihugu n'amareta ba SADC mu nama i Luanda, muri Angola. Italiki 24/04/2018.
Abakuru b'ibihugu n'amareta ba SADC mu nama i Luanda, muri Angola. Italiki 24/04/2018.

Ishirahamwe rijejwe iterambere ry’ibihugu vyo mu bumanuko bwa Afrika, SADC ryasavye kuri uyu w’Imana abategetsi muri Republika iharanira demokarasi ya Kongo gusubiramwo guharura amajwi yavuye mu matora, mu gihe bamwe mu bahiganwe batemera ivyayavuyemwo.

Ishirahamwe SADC risaba ishingwa rya reta y’ubumwe, mw’ijambo ryashikirijwe na perezida wa Zambiya, Edgar Lungu, yisunze ubundi burorero nk’umwumvikano wabaye muri Zimbabwe no muri Kenya.

Kandida atavuga rumwe na reta, Felix Tshisekedi niwe yatangajwe ko yatsinde amatora ku musi w’Imana, ariko Martin Fayulu yarituye ubutungane, avuga ko uwo bahiganwa yoba yaragiranye amasezerano yo mw’ibanga na perezida Joseph Kabila.

Urunani ruhurikiyemwo Fayulu rwashikirije ku munsi wa gatanu ko baronse 61 kw’ijana y’abatoye, bisunze ibiharuro vyashikirijwe na Ekleziya Katolika. Bavuga ko Tshisekedi yatsinze ku majwi 18 kw’ijana.

Igihugu ca Kongo ntikirahererekanya ubutegetsi mu mahoro kuva kironse intahe yo kwikukira mu 1960.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG