Uko wahagera

Madagascar mu Gice ca Kabiri c'Amatora kuri uyu wa Gatatu

Abahoze ari abakuru b'igihugu muri Madagascar kandi bahiganirwa ikibanza c'umukuru w'igihugu, Marc Ravalomanana, ibubamfu na Andry Rajoelina, I buryo. Italiki 25/08/2018
Abahoze ari abakuru b'igihugu muri Madagascar kandi bahiganirwa ikibanza c'umukuru w'igihugu, Marc Ravalomanana, ibubamfu na Andry Rajoelina, I buryo. Italiki 25/08/2018

Muri Madagascar, abanyagihugu kuri uyu wa gatatu bazindukiye mu gice ca kabiri c’amatora yo kudadanura Marc Ravalomanana na Andry Rajoelina, abagabo babiri basanzwe batavuga rumwe.

Abakurikiranira hafi ibibera mur’ico gihugu baragabisha ko hashobora kuba imigumuko mu gihe hogira uwanka kwemera ko yatsinzwe canke hogira uwushikiriza ko yibwe amajwi.

Abo bakandida babiri baronse amajwi yegeranye mu matora ya mbere yabaye mu kwezi kwa cumi na rimwe uyu mwaka wa 2018.

Ravalomanana na Rajoelina bari barankiwe kwitoza mu matora yo muri 2013 nkuko vyari vyemewe mu masezerano yo guhagarika umutekano muke waranze Madagascar kuva iryo zinga riva mu bukoloni bw’Abafaransa mu 1960.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG