Uko wahagera

Inteko za ONU muri Centrafrika Zongewe Umwaka


Abasirikare ba Misiri na Portugal bo mu nteko za ONU bari mu bikorwa vyo gukizura i Bangui, itariki 27/01/2018.
Abasirikare ba Misiri na Portugal bo mu nteko za ONU bari mu bikorwa vyo gukizura i Bangui, itariki 27/01/2018.

Inama ya ONU ijejwe amahoro n’umutekano ejo kuwa kane yarongereje ikiringo c’umwaka ku nteko ziri kubungabunga amahoro n’umutekano muri Centrafrika, inyuma y’impari ndende hagati y’intumwa za Reta zunze ubumwe z’Amerika, Ubufaransa n’Uburusiya.

Uburusiya n’Ubushinwa vyarikumiriye igihe c’amatora, ibindi bihugu 13 bisigaye mu bigize inama ya ONU ijejwe umutekano biba arivyo vyemeza iyo ngingo.

Izo nteko za Minusca zigizwe n’abasirikare 11,650 hamwe n’abaporisi 2,080 bongewe kuguma muri centrafrika gushika italiki 15 z’ukwezi kwa cumi na kumwe umwaka wa 2019.

Centrafrika ni kimwe mu bihugu bikenye kw’isi naho gifise ubutare bwa Diyama na Uranium, kandi vyarananiranye ko kiva mu ntambara hagati y’abonse rimwe yadutse mu mwaka wa 2013 perezida w’ico gihe Francois Bozize, akuwe ku butegetsi.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG