Uko wahagera

Heather Nauert Ashobora Kuzosubirira Nikki Haley muri ONU


Umuvugizi w'ubushikiranganji bw'imigenderanire n'amakungu bw'Amerika Heather Nauert mu kiganiro n'abamenyeshamakuru i Washington, DC itariki 30/11/2017
Umuvugizi w'ubushikiranganji bw'imigenderanire n'amakungu bw'Amerika Heather Nauert mu kiganiro n'abamenyeshamakuru i Washington, DC itariki 30/11/2017

Perezida wa Reta zunze ubumwe z’Amerika Donald Trump azogena umuvugizi w’ubushikiranganji bw’imigenderanire, Heather Nauert kuba ambasaderi wa Amerika muri ONU, nkuko ibimenyeshamakuru vy’aha muri Amerika vyabishikirije ku mugoroba w’ejo kuwa kane.

Trump yitezwe kubitangaza abicishije ku rubuga Twitter kuri uyu wa gatanu.

Nauert yinjiye mu bushikiranganji bw’imigenderanire, avuye muri Televiziyo Fox News, nk’umumenyeshamakuru, aho yashikirije amakuru atandukanye, yaba ayo kw’isi, mu gihugu, agiranira ibiganiro n’abategetsi bakomeye muri politike na gisirikare. Imbere yo gukorera Televiziyo Fox News, Nauert yatanguye gukorera Televiziyo ABC News.

Mu gihe yogenwa kandi akemera ayo mabanga, ashobora kuzobazwa ibibazo bikomeye na Sena y’Amerika ibibazo vy’ubumenyi buke afise mu vya kidipolomasiya.

Nauert ashobora kuzosubirira Ambasaderi Nikki Haley, yatangaje mu kwezi kwa cumi ko yipfuza kuva muri ayo mabanga mu mpera z’uyu mwaka.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG