Uko wahagera

Indege Zibiri z'Amerika Zarasekanye mu Buyapani


Indege za gisirikare c'Amerika mu kirere ca Koweit, ukwezi kwa cumi na kabiri, 2000.
Indege za gisirikare c'Amerika mu kirere ca Koweit, ukwezi kwa cumi na kabiri, 2000.

Ibikorwa vyo kurondera no gutabara vyaratanguye inyuma y’aho indege zibiri z'igisirikare za Reta zunze ubumwe z'Amerika zisekaniye mu kirere, zica zirwa mw’ibahari Pacifique ku nkengera z’Ubuyapani.

Umusirikare umwe niwe amaze gutorwa. Abasirikare batanu nibo bari mur’izo ndege zibiri.

Izo ndege zari zagurutse ziva ku kibuga c’indege za gisirikare mu gisagara ca Iwakuni mu Buyapani mu myimenyerezo igihe iryo sanganya ryaba, kandi icateye iryo sanganya kiracatohozwako nkuko amakuru ava mur’ico gisirikare abivuga.

Igisirikare ca Reta zunze ubumwe z’Amerika gifise abasirikare bashika ku bihumbi 50 mu Buyapani.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG