Uko wahagera

Abanyamerika Barunamira Ubwa Nyuma George Bush i Washington


Ikiziga ca George H. W. Bush mu ngoro y'inama nshingamateka
Ikiziga ca George H. W. Bush mu ngoro y'inama nshingamateka

Ikiziga ca George H.W. Bush yahoze ari perezida wa Reta zunze ubumwe z’Amerika kuva ejo kuri uyu wa mbere kiri mu ngoro y’inama nshingamateka i Washington aho abavyipfuza batanguye kwunamira ubwa nyuma uwo yabaye umukuru w’igihugu agira 41.

Iyo ngoro yugururiwe abategetsi hamwe n’abanyagihugu bipfuza kumwunamira gushika ejo kuwa gatatu. Yitavye Imana ari muri reta ya Texas aho yari asanzwe aba, ku musi wa gatanu afise imyaka 94 y’amavuko, ahitanwe n’indwara.

Ejo ku wa mbere mu ngoro y’inama nshingamateka, abategetsi batandukanye i Washington baramwibutse ubwa nyuma, barashima n’ivyo yakoreye igihugu.

Bush, yatwaye manda imwe gusa kuva mu 1989 gushika mu 1993, azosomerwa inkuka y’imisi ku musi wa gatatu muri katederale i Washington. Ipfubwa ryiwe ritegetkanijwe ku musi wa kane muri Texas.

Perezida Trump n’umutambukanyi wiwe Melania Trump bazoba bahari.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG