Uko wahagera

Turukiya: Erdogan Aracasaba Umuco kw'Iyicwa rya Khashoggi


Uwuharanira agateka ka muntu afise ifoto ya Jamal Khashoggi
Uwuharanira agateka ka muntu afise ifoto ya Jamal Khashoggi

Perezida wa Turukiya Recep Tayyip Erdogan arabandanya aremera Arabiya Sawudite inyuma y’ukwezi kurenga hishwe umumenyeshamakuru w’umunya Arabiya Sawudite Jamal Khashoggi muri Konsila muri Istanbul.

Ikimenyeshamakuru Sabah cegamiye reta ya Turukiya cerekanye isanamu y’isakoshi yarimwo ibikoresho vyakoreshejwe mu kwica Khashoggi.

Aya makuru y’ico kinyamakuru abaye masha abasesangura ibiriko biraba bavuga ko Turukiya kizoruhuka ar’uko Arabiya Sawudite ishize ibintu ahabona.

Amajambo yashikirijwe na Perezida Erdogan yerekanye ko yegeka ubwo bwicanyi ku muhungu w’umwani wa Arabiya Sawudite Mohamed bin Salman. Arabiya Sawudite cabandanije guhakana ko umuhungu w’umwami ata ruhara afise muri urwo rupfu, ariko benshi mu bakurikiranira hafi ibibera mur’iico gihugu basa n’uko batavyemera baravye igihagararo Salman afise muri ubwo bwami.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG