Uko wahagera

Etiyopiya: Abashika 63 Bahoze mu Mabanga ya Reta Bahagaritswe


FILE - Ethiopia's Prime Minister Abiy Ahmed speaks in Washington, July 28, 2018.
FILE - Ethiopia's Prime Minister Abiy Ahmed speaks in Washington, July 28, 2018.

Etiyopiya yahagaritse abategetsi bajejwe iperereza, abasirikare n’abarwizatunga 63. Bagirizwa gutyoza agateka ka muntu na ruswa. Ivyo vyatangajwe n’umushikirizamanza mukuru w’igihugu, Berhanu Tsegaye ku musi wa mbere.

Ihagarikwa ry’abo bantu mu misi irangiye vyafatiye kw’itegeko ry’umushikiranganji wa mbere, Abiy Ahmed ryerekeye itohoza ryamaze ukwezi ku makosa yakozwe na Reta y’imbere yiwe.

Umushikirizamanza mukuru w’igihugu, Berhanu Tsegaye yabwiye itangazamakuru ko bamwe mu bahagaritswe bikekwa ko bakoreye amabi abanyororo, harimwo kubakubita, kubategeka kwemera ivyaha ku nguvu, kubaboreza igufa hakoreshejwe umuyagankuba mbere n’ukubica.

Bamwe mu bahagaritswe bagirizwa ko basesaguye amafranga y’isosiyete iri mu minwe y’igisirikare, “Metal and Engineering Corporation”.

Berhanu yatangaje kandi ko uwahoze ayoboye inzego zijejwe umutekano w’igihugu yagirizwa ko yagize uruhara mw’igeragezwa ry’ukugandagura umushikiranganji wa mbere igihe yariko agirisha ikoraniro ku murwa mukuru, Addis Abeda kw’italiki 23 z’ukwezi kwa gatandatu.

Avuga ko mu gihe abandi bategetsi bagirizwa ko bagize uruhara muri uwo mugambi bahunze igihugu, uwo mutegetsi yahoze ayoboye inzego zijejwe iperereza muri iki gihe aba mu buraruko bwa Etiyopiya. Amenyesha ko yotegerezwa kwishikiriza abategetsi.

Ishirahamwe riharanira agateka ka muntu kw’isi, “Human Rights Watch” ryakiye neza ihagarikwa ry’abo bategetsi.

Iryo shirahamwe rivuga ko ari intambwe ya mbere ikomeye mu nzira y’ugutuma abantu bakoze amabi bose mu kiringo c’imyaka itari mike irangiye babibazwa.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG