Uko wahagera

Vyogenda Gute Kuri Trump Mu Gihe Umugambwe Wiwe Wotsindwa


Donald Trump
Donald Trump

Perezida Donald Trump ejo kuwa mbere yarabandanije ibikorwa vyo kwiyamamaza mu ma reta ya Ohio, Indiana na Missouri, mu gihe kuri uyu wa kabiri abanyamerika bazindukira gutora abashingamateka n’abasenateri, ndetse na ba buramatari batari bake mu gihugu.

Mu gihe yariko yiyamamariza i Cleveland, muri Ohio aho yise abakandida b’abademokrate biyamamariza mu myanya y’abashingamateka na sena ko ari aba socialistes. Yabwiye abanywanyi biwe ko uyu musi wa kabiri ari akaryo baronse ko kurungikira ubutumwa Abademokrate.

Iyi myiyamamazo iriko ikurikiranwa n’abantu benshi ku mboneshakure kuko na perezida Barack Obama ariko arafasha abakandida b’abademokrate.

Ku musi wa mbere ejo Obama yari mu bice vyo mu buraruko bwa reta ya Virginia aho yashikirije ko inyifato z’abiyamamaza ari zo zibagaragaza mu matora yo kuri uyu wa kabiri. Yabaye imvuzo ipfobetse ariko yariko avuga perezida Trump hamwe n’abarepublikani bariko bariyamamaza.

Mu gihe abademokrate bakesha Obama ku mfashanyo ariko arabaha, abakurikiranira hafi poritike ya Reta zunze ubumwe z’Amerika bavuga ko aya matora ashobora kuba mabi kuri Perezida Trump na cane cane igihe abarepublikani botakaza inama nshingamateka kuri uyu wa kabiri. Bavuga ko vyose bizoba bivuye kuri Trump kuko ngo arushiriza gutakaza abanywanyi bivanye n’inyifato yiwe.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG