Uko wahagera

Umuvugabutumwa w'Umunyamerika Yiciwe muri Kameruni


Mu mujyi wa Bamenda muri Kameruni
Mu mujyi wa Bamenda muri Kameruni

Charles Wesco, umuvugabutumwa w’Umunyamerika yishwe arashwe mu gihugu ca Kameruni. Yari amaze indwi zibiri gusa yimukiye muri ico gihugu hamwe n’umupfasoni n’abana biwe.

Uwo munyamerika, Charles Wesco, yari mu modoka n’umupfasoni wiwe, umwana wiwe w’umuhungu, uwundi muvugabutumwa hamwe n’umudereva bagiye kw’isoko riri mu gisagara ca Bamenda igihe yaraswa. Yafatiwe mu gutana hagati y’inteko zijejwe umutekano n’abarwanya bashaka kwiyonkora kuri Kameruni.

Reta ya Kameruni yagiriza abarwanya ubutegetsi ko ari bo bishe Wesco. Itangaza ko inteko zayo zishe abarwanyi 4 bagirizwa ko ari bo bamwishe.

Umushikiranganji ajejwe kwivuna abansi wa Kameruni, Joseph Beti Assomo, avuga ko Wesco, afise imyaka 44, yishwe n’abarwanya ubutegetsi bari bafise imigambi y’ukugira igitero kw’ishule kaminuza riri hafi y’aho.

Yamara umurwi w’abashaka kwiyonkora kuri Kameruni bavuga ururimi rw’icongereza, witwa Ambazonia, bagiriza abasirikare ba Reta ko ari bo bishe umushikirizabutumwa Charles Wesco.

Intara zibiri zivuga ururimi rw’icongereza muri Kameruni zimaze ikiringo kirenga imyaka ibiri zisinzikajwe n’ubwicanyi.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG