Uko wahagera

Ukuri ku Bishe Khashoggi Kuzomenyekana Ryari?


Hatice Cengiz, fiance wa Jamal Khashoggi, ariko aratanga ikiganiro ku binyamakuru i Londres, mu Bwongereza, itariki 29/10/2018.
Hatice Cengiz, fiance wa Jamal Khashoggi, ariko aratanga ikiganiro ku binyamakuru i Londres, mu Bwongereza, itariki 29/10/2018.

Umukunzi w’umumenyeshamakuru yamuka muri Arabiya Sawudite Jamal Khashoggi aheruka kwicwa avuga ko abategetsi ba Arabiya Sawudite bazi aho ikiziga ca Khashoggi kiri. Hatice Cengiz yabishikirije ku musi wa mbere igihe bari mu misa yo kwibuka Khashoggi i Londres mu Bwongereza.

Khashoggi, w’imyaka 59, yinjiye muri Konsila ya Arabiya Sawudite i Istanbul kw’igenekerezo rya 2 z’ukwezi kwa cumi kurondera impapuro z’uwo bari bimirije kwubakana Cengiz, umunya Turukiya, ariko ntiyigeze asohoka.

Abategetsi ba Arabiya Sawudite babanje guhakana ko ata ruhara bagize mw’ibura rya Khashoggi, ariko mu ndwi iheze baremeye ko urwo rupfu rwari rwarateguwe.

Cengiz yasavye Perezida Donald Trump wa Reta zunze ubumwe z’Amerika gufasha kugira ukuri kuje ahabona kandi kugira ubutungane bukore.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG