Uko wahagera

ONU Isaba Irani Gukuraho Igihano co Kwica Abana

Javaid Rehman, intumwa idasanzwe ya ONU muri Irani mu vyo kwubahiriza agateka ka muntu, mu kiganiro n'abamenyeshamakuru ku cicaro ca ONU i New York, itariki 24/10/2018.
Javaid Rehman, intumwa idasanzwe ya ONU muri Irani mu vyo kwubahiriza agateka ka muntu, mu kiganiro n'abamenyeshamakuru ku cicaro ca ONU i New York, itariki 24/10/2018.

Umuhinga yigenga wa ONU mu vyo uburenganzira bwa kiremwa muri Irani yahanuye Irani ejo kuwa gatatu gukuraho igihano co gupfa ku bana bakiri bato.

Umuhinga Javaid Rehman, asaba abategetsi ba Irani gukuraho igihano co gupfa ku bana hamwe n’ubundi bwicanyi bukorerwa abana kugira bisunge amategeko mpuzamakungu, Ivyo yabibwiye akanama ka ONU kajejwe uburenganzira bwa muntu.

Rehman yavuze ko abana batanu baciriwe urubanza bagirizwa kwica abantu bose barishwe muri Irani uyu mwaka.

Reta ya Irani ivuga ko yashizeho umurwi ujejwe gukingira uburengenzira bw’abana hamwe n’imiyabaga, ariko Rehman abasaba kuremera reta igakuraho igihano co gupfa.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG