Uko wahagera

USA: Jim Mattis Yoba Azova muri Reta ya Perezida Trump?


Donald Trump na sekreteri ajejwe kwivuna abansi James Mattis ari mu nama kuri White House i Washington, itariki 03/04/2018.
Donald Trump na sekreteri ajejwe kwivuna abansi James Mattis ari mu nama kuri White House i Washington, itariki 03/04/2018.

Perezida wa Reta zunze ubumwe z’Amerika, Donald Trump, amenyesha ko minisitiri wo kwivuna abansi, Jim Mattis ashobora kuba uwundi mutegetsi akomeye agiye kuva muri reta yiwe.

Mu kiganiro yahaye kuw’Imana Televiziyo CBS yo muri Amerika, Trump yavuze ko Mattis akekwa ko ari umudemokrate n’aho avuga kandi ko ata vyemeza abifitiye.

Perezida Trump, mu mezi 21 amaze ku butegetsi, yirukanye abategetsi barenga cumi muri reta yiwe, abandi batanze imihoho ku bushake bwabo. Abo barimwo ambasaderi aserukira Amerika muri ONU, Nikki Haley, mu ndwi iheze yashikirije ko azosezera ayo mabanga mu mpera z’uyu mwaka wa 2018.

Jim Mattis yarakunze kudahuza na Perezida Trump hamwe n’abategetsi bo muri reta yiwe, barimwo umuhanuzi ajejwe umutekano mu gihugu, John Bolton.

Perezida Trump yashikirije ko “abantu bamwe” bo muri reta yiwe batamushimisha. Yarigeze kuba anegura sekreteri w’ubutungane, Jeff Sessions, ariko arananirwa kumukura muri reta. Abasesengura bavuga ko yatinye ko yoboneka ko agomba kuburizamwo amatohoza agamije kumenya nimba Trump yarakoranye n’Uburusiya mu myiyamamazo y’amatora yo muri 2016 yamushika ku butegetsi.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG