Uko wahagera

Kuki Mohammed Dewji Yanyurujwe i Dar-es-Salaam?


Umugwizatunga Mohammed Dewji wo muri Tanzaniya woba yanyurujwe
Umugwizatunga Mohammed Dewji wo muri Tanzaniya woba yanyurujwe

Igipolisi mu gihugu ca Tanzaniya kimenyesha ko, Mohammed Dewji, avugwa ko ari we muntu atunze cane muri Afurika ku rwego rw’abakiri bato, yanyurujwe mu gisagara gikuru c’ubutunzi Dar es Salaam.

Umutegetsi mukuru w’igipolisi i Dar es Salaam, Lazaro Mambosasa, avuga ko Mohammed Dewji, afise imyaka 43 muri iki gihe, yanyurujwe n’abantu bitwaje ibirwanisho bari bihishije mu maso uno musi ku wa kane mu gitondo. Abo bantu barashe mu kirere imbere yuko bamusunikira mu modoka bagahunga. Bamunyururije kw’ihoteri aho yari agiye kwinonorera imitsi.

Igipolisi gisigura ko cakomeje ingingo zerekeye umutekano ku bibanza vyose vyo ku mbibe no ku bibuga vy’indege. Ivyo mu ntumbero y’ugutuma abagabo babiri b’abazungu, bakekwa, babonywe ku masanamu ya videwo batava mu gihugu.

Ikinyamakuru gisohora urutonde rw’abantu batunze kurusha abandi kw’isi, Forbes, catangaje ko Mohammed Dewji yari afise amatungo y’agaciro k’umuliyaridi n’imiliyoni amajana atanu y’amadolari mu mwaka w’i 2016.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG