Uko wahagera

Igikombe c'Ibihugu vy'i Bulaya mu mwaka w'i 2024 ni mu Budagi


Ubudagi bwatsinze Turikiya mu guhiganirwa kwakira igikombe c’umupira w’amaguru c’ibihugu vy’i Bulaya co mu mwaka w’i 2024. Iyo ngingo yafashwe uno musi ku wa kane mu matora y’umurwi nshingwabikorwa w’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu karere k’i Bulaya, UEFA. Ivyo bihugu bibiri vyashikirije imigambi yavyo imbere yuko amatora aba mu gisagara ca Nyon, mu gihugu c’Ubuswise.

Buzoba bubaye ubwa mbere ubudagi bwakira igikombe c’ibihugu vy’i Bulaya kuva ico gihugu cunze ubumwe. Ubudagi bwo mu burengero bwakiye ico gikombe mu mwaka w’i 1988.

Nta higanwa rikomeye mpuzamakungu Turikiya irakira. Ico gihugu caragerageje kwakira igikombe c’ibihugu vy’i Bulaya mu myaka y’i 2008, 2012, n’i 2016, hamwe n’inkino mpuzamakungu za Olimpike zo mu gihe c’ici zo mu mwaka w’i 2020.

Ubudagi bwakiye igikombe c’isi yose co mu mwaka w’i 2006.

Igikombe c’ibihugu vy’i Bulaya co mu mwaka w’i 2024 kizoba kigizwe n’imirwi nserukirabihugu 24. Ico gikombe kizoba mu kwezi kwa gatandatu n’ukwezi kw’indwi. Inkino 51 z’ico gikombe zitegekanijwe kuba mu kiringo c’imisi 32.

XS
SM
MD
LG