Uko wahagera

Pompeo: Amerika Yiteguye Kwongera Kuganira na Koreya ya Ruguru


Sekreteri wa reta wa Reta zunze ubumwe z'Amerika, Mike Pompeo
Sekreteri wa reta wa Reta zunze ubumwe z'Amerika, Mike Pompeo

Sekreteri wa reta wa Reta zunze ubumwe z’Amerika, Mike Pompeo yarashimye ingingo yafashwe n’indongozi ya Koreya ya ruguru Kim Jong Un mu nama yamuhuje na mugenzi we wa Koreya y’epfo mur’iyi ndwi.

Mur'iyo nama, Koreya ya ruguru yatangaje ko ishobora gusambura aho ihingurira ibirwanisho ruhonyanganda mu gihe Reta zunze ubumwe z’Amerika nayo yofata ingingo ziherekeza amasezerano yashitsweko hagati y’abakuru b’ibihugu vya Koreya zibiri.

Pompeo yatangaje ejo kuwa gatatu ko yatumiye umushikiranganji wa Koreya ya ruguru w’imigenderanire n’ayandi makungu, Ri Yong Ho nga babonanire i New York mu ndwi iza mu nama ya bose y’ishirahamwe mpuzamakungu ONU.

Uyo mubonano w’imisi itatu warangiye Kim na perezida wa Korea y’ubumanuko bemeranije ko Koreya ya Ruguru yemeye kwugara ikibanza kiri i Yongbyong, no guhagarika ikindi kibanza kigeragerezwamwo misile bihagarikiwe n’abahinga mpuzamakungu.

Abo bategetsi babiri bemeranije kandi ko Kim azogendera Koreya y’epfo imbere yuko umwaka urangira, akazoba abaye umukuru w’igihugu wa mbere wa Koreya ya ruguru agendeye umurwa mukuru wa Koreya y’epfo kuva ivyo bihugu bitandukanye mu ntambara ya Koreya yabaye mu myaka y’1950 gushika 1953.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG