Uko wahagera

USA: Igihuhusi Florence Caciye Ibintu muri Reta ya Carolina


Igihuhusi simusiga citiriwe Florence uyu musi ku wa gatanu mu gitondo ca kare, cashitse ku butaka ku nkengera y’ibahari Atlantique, muri Reta ya Carolina yo mu buraruko muri Reta zunze ubumwe z’Amerika. Cateje umwuzure w’amazi ku birometero bitari bike muri iyo reta, n’inyubakwa zitari nke zirasamburwa n’imvura y’akura hamwe n’umuyaga w’akataraboneka.

Ibiro vy’igihugu bijejwe gukwirikirana ibihuhuzi, vyatangaje kw’igihuhusi Florence cashitse ku nkengera y’ubutaka bw’igisagara ca Wrightville , kiri ku birometero 10 vy’igisagara ca Welmington. Cari gifise ubunyaruke bw’ibirometero 150 kw’isaha.

Igihuhusi Florence cari cagababanijwe inguvu zaco gushika ku rugero rwa mbere, ariko abahinga bajejwe kumenya ihindagurika ry’igicu, bavuga kw’ico gihuhusi gishobora kwica.

Abategtsi bo muri iyo reta bavuga ko abanyagihugu 321 000 bayo batagira umuyagankuba. Muri komine ya Craven, abategetsi bavuga ko bamaze kuronka amatelefone y’abantu 150 bariko barasaba gufashwa kuva mu mazu yabo amaze guterwa n’amazi y’umurengera. Abo bategetsi bariko barahumuriza abanyagihugu ko hari abakozi bo mu biro bijejwe kugarukira ku basinzikaye, FEMA, biteguriye kuja kubafasha.

Ubushikiranganji bwa Reta Zunze Ubumwe za Amerika bujejwe kivuna abansi bwarungitse ubwato bunini hamwe n’abasirikare bo mu rwego rwa marine, bagiye gufasha mur’iyo ntara.

Vyongeye hari indege za kajugujugu hamwe n’amakamyo ashobora kugendera mu mazi, agiye kurungikwa mu gikorwa co kugarukira ku banyagihugu bahanzwe n’imyuzure y’amazi.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG