Uko wahagera

RDC: Ebola Yatandukiriye Butembo, Abapfuye Bageze kuri 88


Abamaze kwica na Ebola mu buseruko bwa Republika iharanira demokarasi ya Kongo bamaze gushika kuri 88. Vyashikirijwe ejo kwa kane n’umushikiranganji w’amagara y’abantu mugihe uwo mugera uriko uratandukira igisagara ca Butembo, gikomeye mu bucuruzi kandi kibamwo abantu bashika ku muliyoni.

Umuntu wa mbere yagaragaye ko yanduye uwo mugera i Butembo yari umugore hamwe n’umukozi wo kwa muganga yariko aramuvura.

Uwo mugore yapfuye ku musi wa kabiri yari yahungiye hafi ya Beni ariko yanka gusuzumwa b’abaganga inyuma y’aho yanduriye, nkuko umushikiranganji abandanya avuga.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG