Uko wahagera

Babiri Baricishijwe Imbugita mu Bufaransa


Abantu 2 bishwe uwundi arakomereka mu gitero gikoresheje imbugita cabaye uno musi ku wa kane mu gice kiri ku nkengera z’umurwa mukuru w’igihugu c’Ubufransa, Paris.

Ico gitero cabereye mu gice citwa, Trappes, kiri mu burengero bwa Paris. Ico gitero carangiye igihe igipolisi carasa uwagikoze. Reta ya kiyislamu yiyitiriye ico gitero mw’itangazo yashize kw’itororokanirizo ry’amakuru ryayo, Amaq. Reta ya kiyislamu ivuga uwagize ico gitero yariko yishura akamo kayo k’ukwica abasivile mu bihugu biri mu rugamba n’uwo murwi.

Yamara amakuru atangazwa na Reta y’Ubufransa amenyesha ko abantu babiri bishwe bari nyina w’uwagize ico gitero na mushiki we.

Trappas ni igice gikenye kiri ku nkengera z’igisagara ca Paris kibamwo abantu ibihumbi 30. Abantu batari bake bavurwa ko bavuye muri ico gice baje kurwana ku ruhande rw Reta ya kiyislamu mu gihugu ca Siriya.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG