Uko wahagera

USA: Abategetsi Basaba Trump Kwakira Impunzi ibihumbi 75 Muri 2019


Mw’ikete ryashizweko urukumu n’abategetsi batari bake mu bice bitandukanye vy’igihugu, binginze umukuru w’igihugu ca Amerika Donald Trump yongereze igitigiri c’impunzi zinjira mu gihugu. Banditse bati:

“Impunzi z’irateza imbere ubutunzi bw’igihugu, zirazana ubumenyi bushasha mu kibano, kandi zituma intara z’igihugu zitera imbere”. Bavuga kandi bati “igabanuka ry’igitigiri c’impunzi mu gihugu uyu mwaka ryagize ingaruka mbi ku ntara zitandukanye z’igihugu.”

Mu mpera z’ukwezi kuza niho ibiro vy’umukuru w’igihugu bizotangaza igitigiri c’impunzi zizoba zirekuriwe kw’injira muri Amerika mu mwaka ugiye gutangura uhereye ukwezi kwa cumi muri uyu mwaka.

Iryo kete ryasinywe n’abategetsi bo muri Amerika baturuka munzego zo hasi amajana abiri na mirongo indwi hamwe n’abanyepolitike baturuka mu ntara mirongo ine na zibiri ku ntara mirongo itanu zigize igihugu. basaba ko hemeregwa kwinjira impunzi ibihumbi mirong’indwi na bitanu.

Mu ntango z'uku kwezi kw'umunani ikinyamakuru co muri Amerika The New York times, catangaje ko amakuru gifis ar' ukwo igitigiri c’impunzi zizokwemeregwa kw’ijira muri Amerika mu mwaka uza ari impunzi ibihumbi mirongo ibiri na bitanu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG