Uko wahagera

Abantu 39 ni Bo Bamaze Guhitanwa n'Ikiraro Cyasenyutse


Ikiraro cya Genes Cyasenyutse
Ikiraro cya Genes Cyasenyutse

Mu gihe abakozi bajejwe gutabara batari bake bariko barondera, uno musi ku wa gatatu, mu bisigarira vy’ikiraro casenyutse mu gisagara ca Genes, mu gihugu c’Ubutaliyano, abandi bantu boba barokotse umusi umwe inyuma y'uko gisenyutse. Ishavu ryiyongeye ku vy'uko ico kiraro gishobora kuba cubatswe nabi kandi kititaweho neza.

Abategetsi b’Ubutaliyano bongereje igitigiri c’abapfuye uno musi ku wa gatatu gushika kuri 39. Ni inyuma y'uko ibindi biziga biri vyatowe mu bisigarira vy’igice c’ico kiraro casenyutse mu gisagara ca Genes.

Icegera c’umushikiranganji wa mbere w’Ubutaliyano, akongera akaba n’umushikiranganji w’intwaro yo hagati, Matteo Salvini, avuga ko abana 3 bari mu bapfuye, kandi ko irengero ry’abandi bantu batari bake ritazwi.

Impungenge zitera ziyongera kw’ibindi bice vy’ico kiraro bishobora gusenyuka, vyatumye abategetsi bimura abantu 630 baba hafi y’ico kiraro kiri kw’ibarabara rikuru.

Abategetsi bavuga ko abapfuye bose bari mu modoka kuri ico kiraro. Batangaza ko ata muntu numwe yari hafi yaho yapfuye.

Umushikiranganji ajejwe gutwara abantu n’ibintu w’Ubutaliyano, Danilo Toninelli, yashize amakosa kuri sosiyete ikwirikirana ibikorwa kuri ico kiraro, Autostrade per I’Italia, mu kuvugako iyo sosiyete itubahirije uruhande rwayo rw’amasezerano.

Yatangaje ko Reta izogirisha isuzumwa ry’ibiraro n’amabarabara aca musi y’imisozi mu gihugu cose.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG