Uko wahagera

OMS Isaba Ko Intambara Ihagara Muri Kivu Ya Ruguru


Tedros Adhanom Ghebreyesus
Tedros Adhanom Ghebreyesus

Umukuru w’ibiro vy’ishirahamwe mpuzamakungu ONU bijejwe amagara y’abantu kw’isi OMS Tedros Adhanom Ghebreyesus avuga ko intambara iri mu buraruko bwa Kivu ituma ikiza c’ingwara ya Ebola gikomera kurusha icibonekeje mu myaka ya 2014 na 2015 mu burengero bwa Afrika. Abantu barenga ibihumbi cumi na kimwe bicwa n’iyo ngwara, gushika igihe ihagarikiwe mu mwaka wi 2016.

Tedros arangirije urugendo rwiwe mu karere ka Benin a Mangina mubuseruko bwa Kongo aho Ebola iriko itikiza inganda, avuga ko yari afise amakenga imbere yo gufata urugendo, ariko ko nyuma yaho amakenga yiwe yiyongereye kurusha aho yiboneye n’amaso yiwe ingaruka z’iyo ntambara iriko ibera mu kare Kivu y’uburaruko.

Amenyesha ko imigwi ishika ijana y’abitwaje ibigwanisho iriko ikorera muri ako karere. Avuga kandi ko hamaze kuba ubwicanyi ku ncuro 120, aho abantu bicwa, bakanyuruzwa, bagafatwa kunguvu canke bagakoregwa ayandi mabi.

Tedros ahamagarira impande zose z’abariko baragwana guhagarika intambara, akagabisha kw’iyo ngwara ya Ebola yandukira cane uwariwe wese.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG