Uko wahagera

Amerika Yiteguye Gufasha Kongo mu Matora


Perezida Joseph Kabila acyuye igihe
Perezida Joseph Kabila acyuye igihe

Reta zunze ubumwe z'Amerika zatangaje ko habaye intambwe mu nzira y’amatora muri Republika iharanira demokrasi ya Kongo. Ivyo n’inyuma yuko urunani rw’imigambwe iri ku butegetsi rugenye umukandida yumvikanyweko na bose wundi atari Perezida, Joseph Kabila, kwitoza mu matora yimirije muri Kongo.

Mw’itangazo bwasohoye kuri uno musi, ubushikiranganji bujejwe imigenderanire bw'Amerika buvuga ko iyo ari intambwe ikomeye mu nzira ya demokrasi muri Kongo. Bumenyesha ko bushimishijwe n’ingingo ya Kabila, y’ukwubahiriza ibwirizwa shingiro n’ibiri mu masezerano yateweko igukumu mu kwezi kw’icumi na rimwe mu mwaka w’i 2016. Ayo masezerano amusaba kudasubira kwitoza mu kiringo kigira gatatu.

Amerika itangaza ko abanyekongo bategerezwa kwidegemvya mu gushikiriza ivyiyumviro vyabo n’uguhitamwo abakandida bifuza ata bwoba bw’ugutotezwa canke kwicwa.

Amerika isaba urwego rw’igihugu rujejwe gutegura amatora n’abategetsi ba Reta ya Kongo gufata ingingo zikenewe zijejwe gutuma amatora yimirije kuba kw’italiki 23 z’ukwezi kw’icumi na kabiri muri uyu mwaka w’i 2018 yizigirwa. Imenyesha ko abanyekongo baronse akaryo gakomeye ko kubona ko ubutegetsi buhererekanijwe biciye mu mahoro.

Reta ya Amerika itangazo ko yiteguriye gufasha muri uwo mugambi hisunzwe ikirangamisi c’amatora.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG