Uko wahagera

Canada na Arabiya Sawudite Icuka si Ciza


Amabendera ya Arabiya Sawudite na Canada
Amabendera ya Arabiya Sawudite na Canada

Reta zunze ubumwe z’Amerika kuri uyu wa kabiri zanse kwivanga mu matati ya kidipolomasiya hagati y’ibihugu vya Canada na Arabiya Sawudite, ibihugu bisanzwe bicuditse na Amerika.

Ivyo bihugu uko ari bibiri vyarahamagaye umwe umwe mu babiserukira, inyuma y’aho Canada cagirije Arabiya Sawudite gufata abaharanira agateka ka muntu.

Umushikiranganji wa Canada ajejwe imigenderanire n’amakungu yasavye Arabiya sawudite kurekura Samar Badawi hamwe n’abandi baharanira agateka kamuntu bari mu munyororo bahowe akazi kabo.

Reta ya Arabiya Sawudite nayo yagiriza Canada kwivanga mu bitabaraba, bituma itumako ambasaderi wayo muri Canada kandi yirukana uwa Canada mur’ico gihugu.

Riyad yetegetse kandi abanyeshure ibihumbi 16 b’ico gihugu bari muri Canada gutahuka, ihagarika kandi indege zija i Toronto muri Canada.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG