Uko wahagera

Chamisa nta Kibanza Azohabwa muri Reta ya Mnangagwa


Perezida Mnangagwa na nelson Chamisa
Perezida Mnangagwa na nelson Chamisa

Perezida wa Zimbabwe, Emmerson Mnangagwa avuga ko reta yiwe nshasha, itazobamwo umugambwe MDC wa Nelson Chamisa, naho ata majwi y’ikirenga yaronse mu matora y’umukuru w’igihugu yo mu ndwi iheze.

Mu matora yo kw’igenekerezo rya 30 z’ukwezi kw’indwi, Mnangagwa yatsinze bitamworoheye ku majwi 50.8 kw’ijana.

Abatavugarumwe na reta bavuga ko bagiye kwitura ubutungane, ko batemera ivyavuye mu matora.

Ku musi wa mbere, umuvugizi wa Chamisa, Nkululeko Sibanda yavuze ko bashizeho umurwi w’abize ivy’amategeko kandi kuri uyu wa kabiri ariho bategekanya kwitura sentare mu ntumbero yo guhakana ivyavuye mu matora.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG