Uko wahagera

Babiri Bishwe n'Igiporisi i Harare, Hakirindiriwe Ivyavuye mu Matora


Abanywanyi b'umugambwe MDC wa Nelson Chamisa, baririmba bongera batamba mu mabarabara y'i Harare, Zimbabwe, itariki 1/08/2018.
Abanywanyi b'umugambwe MDC wa Nelson Chamisa, baririmba bongera batamba mu mabarabara y'i Harare, Zimbabwe, itariki 1/08/2018.

Abantu babiri barishwe barashwe ku murwa mukuru wa Zimbabwe ku musi wa gatatu, igihe abajejwe umutekano bashamirana n’abanyagihugu bariko basaba ko ivyavuye mu matora vyotangazwa.

Igiporisi cisiguye kivuga ko cabikoze mu ntumbero yo kugarurakana umutekano ku murwa mukuru Harare.

Abanyezimbabwe barindiranye igishika ivyavuye mur’ayo matora y’umukuru w’igihugu yo ku musi wa mbere, amatora ya mbere abaye inyuma y’imyaka 38 atarimwo Robert Mugabe.

Abatavugarumwe n’ubutegetsi baracari aho bari bahagaze mu kuvuga ko umukuru wabo, Nelson Chamisa, yatsinze Perezida Emmerson Mnangagwa.

Abantu bashika 150 nibo bahuriye ku musi wa gatatu hanze y’ibiro vy’umurwi w’igihugu utunganya amatora muri Zimbabwe. Igiporisi kigerageje kubashwiragize gikoresheje amazi hamwe n’ivyuka bikoroza amosozi, abanyagihugu baciye batangura gutera amabuye igiporisi.

Umushikiranganji wa mbere wa Etiyopiya, Hailemariam Desalegn asaba komisiyo y’amatora kwihutisha ibikorwa vyayo kandi asaba abanyagihugu kuguma batekanye kugira birinde ico cose gishobora guhungabanya amahoro n’umutekano mu gihugu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG