Uko wahagera

Irani Yitwariye Reta Zunze Ubumwe z'Amerika


Abacamanza bo muri ICJ bashashe mu rubanza hagati ya Chile na Peru i La Haye. itariki 27/01/2014.
Abacamanza bo muri ICJ bashashe mu rubanza hagati ya Chile na Peru i La Haye. itariki 27/01/2014.

Igihugu ca Irani citwariye Reta zunze ubumwe z’Amerika muri sentare mpuzamakungu, International Court Justice, ICJ mu mpfunyapfunyo y'icongereza, ku ngingo Perezida Donald Trump yafashe yo gusubizaho ibihano ico gihugu cari carakuweko inyuma y’amasezerano mpuzamakungu yo mu mwaka wa 2015 ku birwanisho vya Nikleyeli.

Itangazo ryashikirijwe n’iyo sentare ya ONU kuri uyu wa kabiri, rivuga ko Irani gisaba Amerika gukuraho ivyo bihano.

Reta zunze ubumwe z’Amerika ibicishije ku muvugizi wa deparetema ya reta yavuze ko uko kwitwara kwa Irani ata gaciro guhabwa.

Ayo masezerano yo muri 2015 hagati ya Irani hamwe n’ibihugu bitandatu rutura kw’isi—Ubwongereza, Ubushinwa, Ubufaransa, Ubudagi, Uburusiya hamwe na Reta zunze ubumwe z’Amerika, yari yatumye Irani gikurwako ibihano muvy’ubutunzi, naco cemera guhagarika porogarame yaco ya Nikleyeli.

Perezida Trump yakuye Amerika muri ayo masezerano mu kwezi kwa gatanu, mu kuvuga ko yari amasezerano mabi, asubizaho ibihano mu kwezi kwakurikiye.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG