Uko wahagera

Umugambwe Chadema Uridogera Ubutegetsi muri Tanzaniya


Umkandida wa Chadema mu matora y'umukuru w'igihugu, Edward Lowassa, mu kiganiro n'abamenyeshamakuru i Dar es-Salaam, itariki 29/10/2015
Umkandida wa Chadema mu matora y'umukuru w'igihugu, Edward Lowassa, mu kiganiro n'abamenyeshamakuru i Dar es-Salaam, itariki 29/10/2015

Abanywanyi bashika kuri 20 b’umugambwe ukomeye mu yitavuga rumwe n’ubutegetsi muri Tanzaniya, bari bafashwe n’igiporisi mu mpera z’indwi iheze, ejo ku musi wa mbere bararekuwe. Ivyo bitangazwa n’igiporisi c'ico gihugu.

Umunyamabanga mukuru w’umugambwe Chadema, Vincent Mashinji yari yavuze ko uwo murwi w’abo bantu bari bahagaritswe ku musi wa gatandatu bagirizwa ko bariko bategura guhungabanya umutekano, ariko igiporisi nta nsobanuro catanze kur’ivyo vyagiriji.

Umugambwe Chadema wama wagirije igiporisi ca tanzaniya kwama cahagaritse abanywanyi bawo, mu ntumbero yo kubaca intege, ivyo umushikiranganji w’intwaro mu gihugu ahakana.

Mu kwezi kw’icenda 2017, umushingamateka w’uwo mugambwe Chadema, Tundu Lissu yararashwe akatari gake ku muhana iwe, kandi mu kwezi kwa kabiri abategetsi babiri b’uwo mugambwe nyene barishwe barashwe n’abantu batamenyekanye, ubwicanyi abatavugarumwe n’ubutegetsi bavuze ko bwari bufise intumbero za poritike.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG