Uko wahagera

Perezida Trump Yabonanye n'Umwamikazi Elizabeth


Trump Queen visit
Trump Queen visit

Perezida Donald Trump wa Reta zunze ubumwe z’Amerika yabonanye n'umwamikazi w'Ubwongereza Elizabeth.

Mbere y'aho, yari yatangaje ko ikiganiro yatanze kuri uyo musi nyene mu kinyamakuru c’Ubwongereza atari amakuru nyayo. Vyari inyuma yo kubonana n’umushikiranganji wa mbere w’Ubwongereza Theresa May.

Umubonano abo bategetsi bagiranye usa n’uwutagenze neza ku bw’amakuru yatangaje mu kinyamakuru co mu Bwongereza The Sun. Ayo makuru yaneguye May ko ariko avyifatamwo nabi mu gukura Ubwongereza mu muryango w’Ubumwe bwa Buraya, ashemagiza umushikiranganji w’imigenderanire ko ari we mu kandida abereye wo kumusubirira.

Abo bategetsi babiri baganiriye kuri poritike mpuzamakungu, harimwo n’akarere ko mu buseruko bwo hagati, nk'uko vyashikirijwe n’abategetsi bo mu biro kwa Perezida w'Amerika.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG