Uko wahagera

Afganistani: Umwihevyi Yishe Abantu 20


Abafasha abakomeretse bashitse ahabererye igitero c'umwiyahuzi i Jalalabad, Afghanistan, itariki 7/06/2018
Abafasha abakomeretse bashitse ahabererye igitero c'umwiyahuzi i Jalalabad, Afghanistan, itariki 7/06/2018

Muri Afganistani umwihevyi yagize igitero ca bombe k’ubwoko bubiri bw’inkehwa z’aba Sihks n’abahindi. Ico gitero caberye mu ntara ya Nangarhar mu buraruko bw’igisagara ca Jalalabad kur’uyu wa mungu, gihitana abantu bashika kuri 20.

Tarlok Singh umwe mu banyagihugu bo mw’idini ry’aba Sikh yabwiye ijwi ry'Amerika ati “Badukoreye ikibi. Batugizemwo abamaritiri 15 bongera bakomeretsa abantu 15. Ati “twebwe nta mugambwe canke umugwi n’umwe twegamiye. Yongerako ati "Ni kubera iki baduteye ata n'umwe turigera tugirira nabi”.

Abategetsi bajejwe amagara y’abantu muri Afganistani babwiye ijwi ry’Amerika ko igitigiri c’abapfuye gishika kuri 19 kandi ko abakomeretse bashika kuri 20.

Uwo mugwi w’aba Sikhs n’abahindi bivugwa ko bari bagiye mu rubanza rwari rwateguwe n’umukuru w’igihugu Ashraf Ghani kumwe n’aba buramatari mu gihe uwo mwihevyi yabituritsamwo iyo bombe.

Abarwanyi baharanira reta ya kiyisilamu babicishije mu kinyamakuru cabo Amag, biyitiriye ico gitero cabereye I Jalalabad. Yamara bo bavuga ko intumbero yabo yari iyo gutera ivuriro.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG