Uko wahagera

Abandi Bimukira Barenga 600 ku Nkengera za Espanye


Abimukira 616 bari mu bwato 20 baratabawe ku musi wa mbere ku nkengera z’amazi y’igihugu ca Espanye, nkuko bimenyeshwa n’abatabara mur’ico gihugu.

Ivyo vyabaye haheze imisi umunani abandi bimukira 630 bari mu bwato butatu bashitse ku kivuko c’i Valence aho nyene muri Espanye.

Inama y’ibihugu bike vya Burayi ku musi w’Imana yarakoranye kugira yige kur’ico kibazo c’abimukira ariko nta ngingo bumvikanyeko.

Espanye ni igihugu kigira gatatu abimukira bahurumbira mu mugabane wa Buraya inyuma y’Ubutaliyano n’Ubugiriki.

Mugihe ibitigiri vy’abimukira bagerageza guca mw’ibahari meditarane vyagabanutse ica kabiri uyu mwaka ugereranije n’umwaka w’2017, abimukira bashitse muri Espanye biyongereye incuro zitatu, nkuko bishikirizwa n’ishirahamwe ryita ku mpunzi n’abimukira OIM.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG