Uko wahagera

USA: Melania Trump mu Kigo Gifungiwemwo Abana


Melania Trump
Melania Trump

Umukenyezi wa Perezida w’Amerika, Melania Trump yaragendeye adateguje reta ya Texas mu kigo cashizwemwo abana batandukanijwe n’abavyeyi babo kw’itegeko rya reta ya Trump yo guhasha abimukira binjira muri Reta zunze ubumwe z'Amerika baciye ku rubibe rwo mu bumanuko bw’igihugu.

Urwo rugendo rwo kuri uyu musi wa kane rwabaye inyuma y’umusi umwe Perezida Trump asinye itegeko rihagarika gutandukanya abana ku bavyeyi babo kandi rwari rutumbere gushigikira abana barenga 2.300 batandukanijwe abavyeyi babo.

Umutambukanyi wa Perezida ku musi w’Imana yarashikirije ko adashigikiye ukwo gutandukanya imiryango, avuga ko ababazwa no kubona abana batswe abavyeyi babo.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG