Uko wahagera

USA: Gutandukanya Abana ku Bavyeyi b'Abimukira Biteye Impari


Abavyeyi n'abana babo barindiriye gufashwa mu kigo co mu gisagara ca McAllen, Texas, Itariki 15/06/2018.
Abavyeyi n'abana babo barindiriye gufashwa mu kigo co mu gisagara ca McAllen, Texas, Itariki 15/06/2018.

Mu gihe inama nshingamateka iriko yitegurira amatora yitezwe kuba muri iyi ndwi kw’ihinyanyurwa rikomeye ry’itegeko rigenga abimukira, Reta ya prezida Donald Trump ibandanya gushigikira ingingo y’ugutandukanya bamwe mu bana b’abimukira n’abavyeyi babo.

Mu bintu vyaba gake kera abapolisi b’ibiro bikwirikirana abasohoka n’abinjira mu gihugu muri iki gihe baratandukanya kenshi imiryango iriko irondera ubuhungiro canke igerageza kwinjira muri Amerika mu buryo butarekuriwe n’amategeko.

Abana bagera ku bihumbi bibiri baratandukanijwe n’imiryango yabo mu kiringo kirenga indwi zitandatu.

Amasanamu ya videwo yashizwe ahabona na Reta ya Amerika yerekana ukugene abo bana bemerewe mu kibanza bashizwemwo.

Umutegetsi mukuru w’urwego rw’ishirahamwe mpuzamakungu rwitaho agateka ka muntu, Zeid Ra’ad Al Hussein, yatangaje uno musi ku wa mbere ko kurondera guca intege abavyeyi biyumvira kuza muri Amerika mu gufata nabi abana babo biteye agahinda.

Yatangaje kw’abantu badatakaza uburenganzira bwabo kubera bajabutse urubibe batagira visa.

Prezida Trump yagirije abademokrate ku vyerekeye gutandukanya abana b’abimukira n’abavyeyi babo.

Bitegekanijwe ko Trump abonana n’abashingamateka b’abarepublika, ejo ku musi wa kabiri, kugira baganaire integuro zibiri zerekeye ihinyanyurwa ry’itegeko zijejwe abimukira.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG