Uko wahagera

OMS: Ebola Yaragwanijwe muri RDC Ariko nta Gusamara


Tedros Adhanom, umuyobozi mukuru wa OMS, aganira n'abanyagihugu mu mihana y'i Itipo ahagaragaye Ebola, mu ntara ya Equateur, RDC, itariki 12/06/2018.
Tedros Adhanom, umuyobozi mukuru wa OMS, aganira n'abanyagihugu mu mihana y'i Itipo ahagaragaye Ebola, mu ntara ya Equateur, RDC, itariki 12/06/2018.

Umuyobozi mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ryita ku magara y’abantu, OMS, Tedros Adhanom kuri uyu wa kabiri yasavye ko hogenzurwa neza ivya Ebola muri Republika iharanira demokarasi ya Kongo, avuga ko naho ibitigiri vy’abandura vyagabanutse bidasigura ko hoca haba ugusamara. Ni mugihe yari arangije urugendo rw’imisi itatu yahoramwo muri ico gihugu.

Ico kiza ca Ebola cagaragaye kw’igenekerezo rya 8 z’ukwezi kwa gatanu kimaze guhitana ubuzima bw’abantu 27.

Tedros aremeza ko aravye ibitigiri uko bimeze, ibintu bimeze neza ariko avuga ko intambara na Ebola itararangira, bakwiye kuguma bagavye.

Uwo mutegetsi wa OMS avuga kandi ko abantu barenga ibihumbi bibiri bacandazwe mu ntara yabangamiwe n’ico kiza ya Equateur.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG