Uko wahagera

Perezida Trump na Kim Jong Un Basezeranye Guca Ruhonyanganda


Mu masezerano yateweko igikumu uno musi ku wa kabiri muri Singapore, umutegetsi kizigenza wa Koreya ya ruguru, Kim Jong Un, yasubiye kwiyemeza ku vyerekeye gukuraho ibirwanisho ruhonyanganda vyose mu kigobe ca Koreya. Muri ico gihe perezida wa Reta zunze ubumwe z'Amerika, Donald Trump yiyemeje gushiraho uburyo buhumuriza Koreya ya ruguru ku bijanye n’umutekano.

Urwandiko rwateweko igikumu rusaba Reta zunze ubumwe z'Amerika na Koreya ya ruguru gukorera hamwe mu mugambi w’ugutuma haba amahoro arama mu kigobe ca Koreya. Urwo rwandiko rusaba kandi ivyo bihugu vyompi gushiraho imigenderanire mishasha hagati yavyo, n’ugutahana ibisigarira vy’abanyororo bazimanganye mu gihe c’ingwano yo muri Koreya. Izo mpande zibiri zemeye kandi kugirisha ibiganiro vy’inyuma y’amasezerano yateweko igikumu uno musi ku wa kabiri.

Prezida Trump yatangaje ko bazokuraho ibirwanisho ruhonyanganda Koreya ya ruguru ifise. Trump avuga ko ata ruhande na rumwe rwashizeho ikiringo ntatengwako. Yasiguye ko amasezerano ya tariki 12 y'ukwezi kwa gatandatu yavuye mu biganiro vyamaze amezi atari make.

Perezida Trump yamenyesheje kw’inteko z'Amerika ziri muri Koreya y’epfo zizoguma muri ico gihugu. Yamara yatangaje ko bazohagarika imyimenyerezo ya gisirikare hagati y'Amerika na Koreya y’epfo yatwaye amafranga atari make.

Mu nyuma yaho mu kiganiro n’abamenyeshamakuru, Trump yavuze ko ibihano Amerika yafatiye Koreya ya ruguru bizogumaho gushika ibirwanisho ruhonyanganda bitakirangwa muri ico gihugu.

Prezida Trump yashimiye Kim Jong Un kuba yafashe ingingo ikomeye. Yamenyesheje ko ategerezwa kuboneraho ako karyo ku neza na kazoza k’abanyakoreya. Yongeye ashimira abategetsi b’ibihugu vy’Ubushinwa, Ubuyapani na Koreya y’epfo ku twigoro twabo mu gutuma inama ishoboka.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG