Uko wahagera

Perezida Trump na Shinzo Abe Bategekanya Kuzobonana

Umushikiranganji wa mbere w'Ubuyapani Shinzo Abe, ibubamfu, na Perezida wa Reta zunze Ubumwe z'Amerika Donald Trump baramukanya mugihe bariko baha ikiganiro abamenyeshamakuru i Mar-a-Lago club, Itariki 18/04/2018, i Palm Beach, Florida.

Perezida wa Reta zunze ubumwe z’Amerika Donald Trump hamwe n’umushikiranganji wa mbere w’Ubuyapani bategekanya kuzobonana amaso mu yandi mu biganiro imbere y’uko inama izohuza Trump na mugenzi we wa Koreya ya Ruguru Kim Jong Un iba.

Abe yagize ati "Twemeranye kuzohura imbere y’inama hagati ya Reta zunze ubumwe z’Amerika na Koreya ya Ruguru." Yabibwiye abamenyeshamakuru i Tokyo inyuma yo kuganira kuri telefone na Trump kuri uyu wa mbere.

Abo bategetsi babiri bavuganye mugihe intumwa za Amerika na Koreya ya Ruguru zari muri Koreya ya ruguru na Singapore mu biganiro bitegura iyo nama.

Ntibiratomoka igihe canke ikibanza Trump na Abe bazohurira.

Intumwa za Reta zunze ubumwe z’Amerika na Koreta ya Ruguru zongeye kuganira kuri uyu wa mbere mu gice kiri hagati ya za Koreya zibiri kitarimwo ibirwanisho.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG