Uko wahagera

Abo mu Gisagara ca Bujumbura Bitabiriye Kamarampaka


BurundiReferendum
BurundiReferendum

Abanyagihugu mu gisagara ca Bujumbura bitabiriye itora ryo kwemeza canke guhakana Ibwirizwa Shingiro rihinyanyuwe. Kuva mu gitondo haboneka imirongo miremire mu bibanza vy’itora. Abanyagihugu bavuganye n’Ijwi ry’Amerika bemeza ko baje kugira baterere mu gufata ingingo kuri kazoza k’igihugu.

Icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu yatoreye muri zone Nyakabiga akaba yavuze ko reta y’Uburundi yiteze kwakira ibiva muri ayo matora.

Henshi mu gisagara ca Bujumbura abanyagihugu bashitse mu bibanza vy’itora imbere y’isaha cumi na zibiri zari zitegekanijwe. Aho naho basanga abakozi bo mu bibanza vy’itora bagitunganya aho batorera naho bitafashe umwanya munini. Henshi hibonekeza imirongo miremire ariko yagenda iragabanuka uko umwanya wahera. Abanyagihugu bemeye kuvugana n'Ijwi ry’Amerika bavuze ko baje gutora kugira nabo baterere muri kazoza k’igihugu.

Naho abo batoye kw’ishure ryisumbuye rya zone Cibitoke muri komine ntahangwa abababa 20 barungitswe gutorera mu kigobe kuko amazina yabo ataboneka ivyo batatahuye kubera biyandikishirije muri ico kibanza. Ikindi cibonekeje ni abayindikishije mu zindi ntara bataronse amahirwe yo gutorera aho mu cibitoke.

Mu murwi ujejwe amatora mu gisagara ca Bujumbura bemeje ko ico kibazo cabo banyecibitoke bakizi ko habaye ingorane mu gusohora intonde z’abiyandikishije. Bamwe basanga babanditse ko bazotorera mu kigobe.

Terence Bizimana arongoye umurwi Cepi mu gisagara ca Bujumbura yabasavye kwigora bagashika aho babwiwe kugira batore nayo kubiyandikishije ruguru yabwiye Ijwi ry’Amerika ko hari ibirabwa kugira batorere muri ico kibanza.

icegera ca mbere c’umukuru w'igihugu we yatoreye kw’ishure ryisumbuye rya zone Nyakabiga. Gaston Sindimwo yemeje ko yakoze umurimo wo gukunda igihugu yashimye ko amatora ariko agenda neza aca ameneyesha ko Reta iza kwemera n’ibiza kuyavamwo.

Haba mu bumanuko bw’igisagara hagati mu gisagara no mu buraruko hose aho twaciye haboneka abarorerezi bake kuko nk’imigambwe haboneka abarorerezi ba Cndd Fdd hamwe ni ab’urunani rw’Amizero y’Abarundi gusa.

Mu gihe no mu mashirahamwe yigenga hibonekeza make, Eric Nsengimana arongoye Ajap, rimwe muri ayo mashirahamwe yemeza ko aho ishirahamwe ryiwe ryaciye vyagenze neza kuko n'agakosa kabonetse kaca gakosorwa asaba ko ata vyegeranyo vy’ikinyoma vyokorwa n’abataje kuraba ingene ibintu biriko biragenda.

Igikorwa c’itora ry’ukwemeza canke guhakana Ibwirizwa Shingiro rihinyanyuye rirangirana n’uyu munsi wa kane. Abanyagihugu baje gutora barangiye haca hakorwa igikorwa co guharura ivyavuye muri iryo tora ivyo navyo bice bishikanwa mu mirwi y’amakomine ijejwe gutunganya amatora imbere yuko bishikanwa ku rwego rw’intara n’urw’igihugu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG