Uko wahagera

Kenya: Amazi y’Urugomero Yahitanye Abantu 47


Abatabara batwaye uwapfuye mu masaha yo mugitondo kare ku musi wa kane, itariki 10/05/2018 yafi y'i Solai, mu ntara ya Rift Valley.
Abatabara batwaye uwapfuye mu masaha yo mugitondo kare ku musi wa kane, itariki 10/05/2018 yafi y'i Solai, mu ntara ya Rift Valley.

Muri Kenya urugomero rw’umuyagankuba rwaraye rubomotse, amazi yarwo yica abantu bashika kuri 47.

Amazi y’urwo rugomero yongeye ahitana amazu y’abantu atari make n’inyubakwa zikorerwamwo ubudandaji butandukanye. Urwo rugomero rwabomotse rwitwa Patel, ruri mu karere ka Solai mu ntara ya Nakuru. Solai iri ku birometero 150 uvuye mu buraruko bushira uburengero bw’umurwa mukuru Nairobi.

Abategetsi batangaza ko abantu bashika kuri 40 bashoboye guhungishwa batwarwa kuvurwa mu bitaro. Abajejwe igikorwa co gutabara imbabare babandanije ibikorwa vyabo kuri uno musi wa kane, aho bariko babandanya gutabara abantu bahuye n’ibibazo vyatewe n’iryo sanganya.

Ako karere ka Solai kamaze amazi abiri karwamwo imvura nyinshi cane y'isegenya. Iyo mvura imaze gutuma imisozi yasenyaguritse ihitana abantu barenga ijana na mirongo itatu.

Ejo ku musi wa gatatu, Reta ya Kenya yatangaje kw’iyo mvura kandi imaze gutesha abantu ingo zirenga ibihumbi amajana abiri na mirongo ibiri.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG