Uko wahagera

USA: Ikigo BBG Gisaba Perezida Nkurunziza Kwisubirako ku Ngingo kw'Ijwi ry'Amerika.


John F. Lansing, umuyobozi w'Ikigo ca Reta zunze ubumwe z’Amerika gishinzwe itangazamakuru, Ijwi ry’Amerika ribarizwamwo, BBG.
John F. Lansing, umuyobozi w'Ikigo ca Reta zunze ubumwe z’Amerika gishinzwe itangazamakuru, Ijwi ry’Amerika ribarizwamwo, BBG.

Inyuma y’umusi umwe, hahimbajwe umusi mukuru mpuzamakungu w’ubwingenge bw’umwuga wo kumenyeshamakuru, “World Press Freedom Day” mu congereza, mugihe kandi hasigaye imisi cumi ngo Uburundi butunganye referendumu ishobora guhindura manda z’umukuru w’igihugu, Reta y’Uburundi yatangaje ku musi wa gatanu, itariki 5 z’ukwezi kwa gatanu ko ishobora guhagarika ibiganiro vy’Ijwi ry’Amerika ku mirongo ya FM, mu kiringo c’amezi atandatu guhera kuri uyu wa mbere, itariki ya 7 z’ukwezi kwa gatanu.

Abamenyeshamakuru b’Ijwi ry’Amerika mu Burundi bashikirije kuri uyu wa mbere mu gitondo ko iyo ngingo yashizwe mu ngiro.

N’aho abanywanyi b’Ijwi ry’Amerika bashobora gukurikirana ibiganiro vy’Ijwi ry’Amerika ku mirongo migufi, yitwa Shortwave, kuri television canke ku mbuga ngurukanabumenyi, umurongo wa FM nibwo buryo bwiza butuma Abarundi bashikiriza iryo bagona.

Ijwi ry’Amerika niyo Radiyo Abanyagihugu bakurako amakuru atohojwe neza kandi ataho yegamiye kandi atarinze gusubirwamwo n’ubutegetsi, kandi uravye uko ivya politike vyifashe mu Burundi, iyi Radiyo irakenewe cane kuruta ibindi bihe.

Ikigo ca Reta zunze ubumwe z’Amerika gishinzwe itangazamakuru Ijwi ry’Amerika ribarizwamwo, BBG mu mpfunyapfunyo y’icongereza, bimenyesha ko bizobandanya gushigikira Uburundi mu gushikiriza ibiganiro vyizigiwe na bose kandi vyatohojwe neza. Ibiro BBG bisaba Perezida Pierre Nkurunziza kwisubirako kuri iyo ngingo, akazoba afashije kugira umutekano ntuhungabane, gukinga ubwicanyi no gukingira abanyagihugu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG