Uko wahagera

Abasirikare Indwi ba Kenya Bishwe na Al-Shabab


Imidokori ziriko zirasha, inyuma yo guturirwa na bombe hanze y'isoko rya Midnimo i Mogadishu, Somaliya, itariki 30/07/2017.
Imidokori ziriko zirasha, inyuma yo guturirwa na bombe hanze y'isoko rya Midnimo i Mogadishu, Somaliya, itariki 30/07/2017.

Abasirikare ba Kenya bashika kuri indwi bishwe abandi babiri barakomereka ku musi wa mungu, inyuma y’igitero ca bombe cakozwe k’umuduga w’igisirikare hafi y’ikigwati ca Somaliya ca Dhobley ku mupaka w’ivyo bihugu. Vyatangajwe n’abategetsi hamwe n’abanyagihugu babibonye. Uwo muduga wari umwe mu miduga y’igisirikare yari mu bikorwa vyo kugenduza ako karere mw’ijoro aho wasamburwa bikomeye n’iyo bombe.

Umusirikare wa Somaliya atashatse kwivuga amazina, avuga ko yabonye ibiziga vy’abasirikare ba Kenya indwi hamwe n’abasirikare babiri bakomeretse cane.

Umugwi w’abagwanyi ba Al-shabab biyitiriye ico gitero. Yamara bo bavuga ko bishe abasirikare cumi na batanu. Igisirikare ca Kenya ntikiratangaza amakuru ku gitigiri nyaco c’abasirikare baco baguye muri ico gitero.

Mu ndwi iheze igitero ca bombe nk'iyo cahitanye abasirikare ba Somaliya batari bake.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG