Uko wahagera

HRW Iratabariza Abadashyigikiye Gutora YEGO mu Burundi


Ishirahamwe riharanira agateka ka zina muntu Human Rights Watch rikorera i New York muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika ryatangaje ko abantu 19 bakubaguwe kuva italike 12 z’ukwezi kw’12 guheze.

HRW rivuga ko ivyo vyose bikorwa mu ntumbero yo guhatira Abarundi gutora Ego mu matora y’ibwirizwa nshingiro ategekanijwe italike 17 z’ukwezi kuza kwa gatanu.

Iryo shirahamwe rivuga ko inzego za Reta n’urwaruka rwegamiye umugambwe uri ku butegetsi, Imbonerakure bagirizwa gukoresha inguvu no kuremera abantu, ngo bariko baraca mu nzira zose kugira amatora azobe kandi benshi bazotore Ego kugira umukuru w’igihugu asubire kwitoza.

Abo baharanira agateka ka zina muntu mu cegeranyo cabo, baravuga nk’umuntu yakubiswe gushika aho yitaba Imana, n’uwundi yishwe.

Uwutwara igisata ca Afrika yo hagati muri iryo shirahamwe Ida Sawyer avuga ati:Nta nkeka ko amatora yimirije hazobonekamwo amabi menshi n’uguhohotera uburenganzira bwa muntu. Abategetsi batari bake hamwe n’Imbonerakure barahutaza abantu kandi higanjemwo ukudahana ivyaha, kugira bikunde umukuru w’igihugu azogume ku butegetsi.”

Reta y’Uburundi ivuga ko ivyo vyagiriji ari ivyo basohorera igihe cyose himirije ibiringo bikomeye vya politike mu gihugu. Umushikiranganji Martin Nivyabandi ajejwe agateka ka zina muntu avuga ko iyo raporo idatangukanye n'izindi zagiye ziratangwa.

please wait

No media source currently available

0:00 0:04:55 0:00

Mu matora y’ibwirizwa nshingiro ryimirije, Abarundi bahamagarirwa gutora kwemeza canke guhakana integuro, iryo shirahamwe ribona ko izotuma umukuru w’igihugu ahari asubira kwitoza iyindi myaka 14.

Indyane za politike ziri mu Burundi zadutse mu kwezi kwa 4 umwaka w’2015, igihe hatangura imyiyerekano yo kwiyamiriza ukwitoza kw’umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza. Hahavuye hajamwo n’ubwicanyi bwahitanye abagera ku 1,200 nkuko ONU ibivuga, abarenga 400,000 n’abo bahunga igihugu.

Ku mwaka uheze, sentare mpuzamakungu mpanavyaha yaratanguje amatohoza kuri ubwo bwicanyi n’ihonyangwa ry’agateka ka zina muntu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG