Uko wahagera

Imiliyoni $528 Niyo Mfashanyo Yemerewe Abanyagihugu muri RDC


Abanyagihugu bateshejwe izabo barindiriye imfashanyo za HCR mu kambi y'impunzi y' Kibati, muri Kivu y'uburaruko, itariki 2/12/2008.
Abanyagihugu bateshejwe izabo barindiriye imfashanyo za HCR mu kambi y'impunzi y' Kibati, muri Kivu y'uburaruko, itariki 2/12/2008.

Abatanga imfashanyo bakoraniye mu gisagara ca Geneve mu gihugu c’Ubuswise, uno musi ku wa gatanu.

Vyari bitegekanijwe ko bemera gutanga imilioni amajana atanu na mirongo itatu y’amadolari agenewe kugarukira abanyagihugu bageramiwe muri Republika iharanira Demokrasi ya Kongo.

Ayo mafaranga ari musi y’ica kane c’imiliyaridi zibiri n’ibihumbi amajana abiri y’amadolari ishirahamwe mpuzamakungu ONU rivuga ko akenewe muri uyu mwaka kugira afashe abanyagihugu bekeneye imfashamyo vyihutirwa muri Kongo, hamwe n’impunzi z’Abanyekongo ziri mu bihugu bibanyi.

Yamara umutegetsi mukuru ajejwe ibikorwa vy’ugutabara mw’ishirahamwe ONU, Mark Lowcock, yatangaje ko batigeze bitega gutororokanya ayo mafranga yose mu nama imwe gusa.

Atangaza ko ashimishwa n’intambwe zashitsweko. Avuga ko ibihugu bitaratanga umuhango ku vyerekeye imfashanyo vyerekanye ko bifise imigambi yo kubigira vuba cane.

Abaserukira abandi bagera kw’ijana nibo bari mu nama y’uno musi ku wa gatanu i Geneve.

Abaserukira Reta ya Kongo ntibari bitavye iyo nama. Reta ya Kongo ivuga ko ONU ikavya mu kuvuga ku bibazo biri muri Kongo.

Mu butumwa yashikirije hakoreshejwe videwo, umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe ONU, Antonio Guterres, yagabishije ko ibibazo biri muri Republika iharanira demokrasi ya Kongo bikomeye cane kurusha mu bindi bice vyo kw’isi.

Yatangaje ko imiliyoni n’imiliyoni y’abanyagihugu muri Kongo basinzikaye bikomeye cane, ko ikibazo gikomeye cane ari ukubura imfashanyo.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG