Uko wahagera

Inama ya ONU yo Gufasha RDC Iritabwa n'Abatavuga Rumwe n'Ubutegetsi


Imigambwe itavuga rumwe n'ubutegetsi bashikiriza itangazo ryo kunegura Ceni.
Imigambwe itavuga rumwe n'ubutegetsi bashikiriza itangazo ryo kunegura Ceni.

Ishirahamwe ry’ubumwe bwa Buraya hamwe n’ishirahamwe mpuzamakungu ONU bahisemwo kugumizaho inama itegekanijwe kuri uyu wa gatanu i Geneve mu Busuwisi yo gutororokanya amafaranga azofasha abanyagihugu muri Republika iharanira demokarasi ya Kongo, naho reta ya Kinshasa yanse kuyitaba.

Umuvugizi w’ibiro vya ONU bijejwe imfashanyo, Ocha, Jaens Laerke, yavuze ko abatavuga rumwe n’ubutegetsi bwa Kongo hamwe n’amashirahamwe adaharanira inyungu za poritike bashigikiye iyo nama kandi bayitaba.

Iyo nama igamije gutororokanya umuriyaridi 1,7 w’amadolari y’Abanyamerika kand ni nayo izoca igena abazokurikirana ingene ayo mafaranga yanswe na reta ya Kinshasa azokoreshwa.

Kinshasa ibona ko ONU hamwe n’amashirahamwe atanga imfashanyo akoresha imvugo ndenzarugero mu kuvuga uko ibintu bitari muri ico gihugu no kwirukana abanyamitahe, mu kuvuga ko ibitigiri vy’abateshejwe izabo mu gihugu hagati biri munsi ku bice 20 kw’ijana vy’ibishikirizwa na HCR.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG