Uko wahagera

Koreya Zombi Zumvikanye Ukugene Zizoganira


Iyi ni yo nyubako yo muri Koreya ya ruguru ibiganiro bizohuza Koreya zombi bizoberamo mu mpera z'uku kwezi kwa kane.
Iyi ni yo nyubako yo muri Koreya ya ruguru ibiganiro bizohuza Koreya zombi bizoberamo mu mpera z'uku kwezi kwa kane.

Abategetsi b’ibihugu vya Koreya ya ruguru na Koreya y’epfo, bahuye uno musi ku wa kane mu biganiro bitegura inama izoba mu mpera z’uku kwezi hagati y’abakuru b’ivyo bihugu bibiri.

Ibiganiro hagati y’abategetsi b’ivyo bihugu bibiri, vyabereye ku rubibe bihana mu gice citwa Panmunjom. Vyari vyerekeye umutekano n’ukugene itangazamakuru rizokwirikirana inama itegekanijwe kw’italiki 27 z’ukwezi kwa kane hagati y’umutegetsi mukuru wa Koreya ya ruguru, Kim Jong Un, na perezida wa Koreya y’epfo, Moon Jae-in.

Abo bategetsi bumvikanye kudatangaza ibizoba biri mu biganiro vyabo gushika amasezerano ya nyuma ashitsweko.

Koreya ya ruguru na Koreya y’epfo vyumvikanye kw’italiki y’ibiganiro, inyuma y’ibiganiro vyabaye mu ndwi iheze hagati y’abategetsi bakomeye b’ivyo bihugu bibiri.

Abategetsi ba Koreya y’epfo batangaje ko inama hagati ya Kim Jong Un na Moon Jae-in izoshimikira ku mugambi w’ugusambura ibirwanisho ruhonyanganda vya Koreya ya ruguru naho abategetsi b'ico gihugu batemeje ayo makuru biciye mw’itangazamakuru rya reta.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG